Warning: include(lang/kinyamulenge.php): failed to open stream: No such file or directory in /home/imuren5/public_html/conf.php on line 1065

Warning: include(): Failed opening 'lang/kinyamulenge.php' for inclusion (include_path='.:/usr/lib/php:/usr/local/lib/php') in /home/imuren5/public_html/conf.php on line 1065

Al-Shabab iti: Nta mishikirano kw'isoko y'i Nairobi, muri Kenya


Ubganditsi



Ku minsi 21/09/2013



Ifoto (CNN): Umuntu warashwe



 



 



NAIROBI (CNN) - Uyu munsi isoko yitwa Westgate mall iri i Nairobi yatewe n’abagizi ba nabi. Inyeshamba za Al-Shabab zamaze kwemera yuko arizo zagabye ico gitero bivugwa ko kimaze guhitana abantu barenga 30.



 



Babinyujije ku rubuga rwabo rwa Twitter, abarwanyi ba Al-Shabab batangaje yuko “hatazaba imishikirano iyo ariyo yose” kuri iyo soko. Bongeye bavuga yuko “Abayisilamu bose basohowe hanze na Mujahideen mbere” yuko ubgicanyi bukorwa. Ijambo “Mujahideen” risobanura inyeshamba; n’ijambo rikoreshwa mu bihugu by’Abayisilamu.



 



“Mujahideen yinjiye mw’isoko uyu munsi mu masaha y’igicamunsi kandi baracarimo,” ibi byatangajwe n’inyeshamba za Al-Shabab. Ariko abategetsi ba Kenya batangaje yuko aribo bagenzura iyi soko guhera mw’ijoro ry’iposho.



 



Ubutegetsi bga Kenya bgatangaje kandi yuko umwe mu bagizi ba nabi yishwe. Hari undi murwanyi uri mu bitaro ufitwe n’ubutegetsi, byatangajwe na Kenya.



 



Leta ya Kenya yatangaje yuko hari abantu 36 bagifashwe n’aba biyahuzi mw’isoko, ibi bikaba byatangajwe n’umunyamakuru wa Broadcasting Corp. wo muri Australia Martin Cuddihy mu kiganiro yagiranye na CNN.