
Prezida Ndayishimiye na Prezida Tshisekedi imbere y'abanditsi n'abanyamakuru...
KINSHASA, CONGO: Ku minsi 13/07/2021 nibwo hatangajwe ibzavuye mu rugendo rwahuje Perezida Ndayishimiye na Perezida Tshisekedi, i Kishasa, mu murwa mukuru wa Republika Iharanira Demokrasi ya Congo. Muri uru rugendo bzari bzitezwe ko haza gutangazwa impamvu nyamukuru yahuje aba bayobozi bombi dore ko nubwo ibi bihugu bzombi bihananye imbibe ariko bitari bisanzwe bigenderana. Ibi bikana bzaratunguye abantu benshi kuko urugendo rwanyuma rw’umukuru w’igihugu c’u Burundi ruheruka kuba mu mwaka w’i 1997, ubwo Perezida Petero Buyoya aheruka gusura abayobozi b’iki gihugu ico gihe.
Bimwe mu bzavuzwe ku masezerano izi mpande zombi zakoranye, harimwo umugambi wo kubaka ibarabara rya gari ya moshi rizahuza igihugu c’u Burundi na Congo, nkuko tubikesha ikinyamakuru BBC Gahuza, biravugwa yuko iri barabara rizova mu karere ka Uvinza muri Tanzania, i Musongati n’i Gitega gushika Uvira; iri barabara rizakomeza kugeza muji wa Kindu, aha ni mu murwa mukuru w’intara ya Maniema. Mu kiganiro aba bakuru bakoranye n’itangazamakuru, bavuze n’indi mishinga misha bafite yo kwubaka bimwe mu biraro bihuje ibi biugu bayoboye; muri ibi biraro havuzwe mo ikiraro ca Cibikoke na Uvira.
Ku bijanye n’ikibazo c’umutekano muri Kivu y’amaj’epfo, imbere y’abanditsi n’abanyamakuru bavuze yuko bagiye gukuraho imitwe y’inyeshamba iteza umutekano muke muri ibi bihugu byombi.
Tubibutse yuko uyu ari umwaka wa kabiri Perezida Evariste Ndayishimiye amaze ku butegetsi. Ibi ngo bikaba biha benshi icizere k’umutekano w’igihugu c’u Burundi cahoze muntambara, benshi bakaba bavuga yuko ugereranyije n’izindi ngoma zagiye zibaho mu Burundi, ubutegetsi bwa Perezida Evariste buhagaze neza kuko umutekano utangiye kugaruka haba mugihugu hagati ndetse no munkengero z’iki gihugu.
