
IFOTO - GOOGLE
MUGETI, SUD-KIVU: Niposho, ku minsi 04/09/2021, abasirikare ba leta ya Congo (FARDC) bakorera Kuwugeti (Mugeti), mukarere ka Bijombo bazindutse bafunga abagabo n’abasore bo mu Kajembwe, Kinyoni, Masoro bazira kuba mu mihana yabo hari imbunda zahafatiwe.
Umwe mu baturage wavuganye n’urubuga Imurenge.com avuga ko abo basirikare bageze mu mihana bafata bamwe mu basore n’abagabo bo muri iyi mihana twavuze haruguru kuko ngo basanze imbunda zigera kuri 6 muri iyo mihana.
Uku gufungwa kw’aba bagabo n’aba basore b’Abanyamulenge abahagariye ishirahamwe rivugira abaturage (Societe civile) mu Bijombo basanga izi ngabo za leta zahohoteye aba baturage b’Abanyamulenge kuko ngo aba bagabo n’abo basore bari basanzwe batunze izi mbunda mu buryo bwo kwirinda no kurinda amatungo yabo. Aba bose bikaba bivugwa yuko aba ari abo bita locale défense. Bikaba bivugwa yuko gufungwa kw’aba bagabo ari inzira izi ngabo za leta zakoresheje kugira ngo inyeshamba za Mai Mai ndetse na Red Tabara, zisanzwe zikorana na bamwe mu ngabo za leta babone uburyo bworoshe bwo kunyaga amatungo yaba baturage bo muri iyi mihana.
Umuturage utashatse ko amazina ye ashirwa hanze yagize ati:
Ingabo za Leta, FARDC, barashaka ko Mai Mai ndetse na Red Tabara baza kudusahura inka zacu zose. Iyi ni inzira izi ngabo zakoresheje kugira ngo babanze badukureho ibikoresho dusanzwe dutunze mu buryo bwo kwirinda no kurinda amatungo yacu. Nimba bari guhiga abafite ibirwanisho ni baje mu Masango no mu Mugateja ahari Red Tabara na Mai Mai, aba nibo bicara banyaga inka z’Abanyamulenge. – Umuturege, aganira na Imurenge.com –
Tubibutse yuko kuva ku minsi 12/08/2021 aribwo ingabo za leta zikorera muri zone ya Uvira ziyobowe na General de brigade Mukalayi Ngoyi Francois ku bufatanye n’inyeshamba za Mai Mai ndetse n’inyeshamba zikomoka mu gihugu c’u Burundi, Red Tabara bagabye ibitero ku baturage ariko bavuga yuko iki gitero bakigabye ku basore b’Abanyamulenge (Twirwaneho), mu Kamombo. Muri iyi mirwano, izingabo ndetse n’izi nyeshamba zaratwitse, zirica ndetse zinasahura amwe mu matungo y’aba baturage bo mu Kamombo. Ibi rero bikaba bzibazwa ho kwinshi kubona ingabo za leta zikorana n’imitwe y’inyeshamba mu gusahura no kwica abaturage.
Bamwe mu baturage bakaba bibaza amaherezo y’aka karengane, dore ko ibi bzose bibera mu maso y’imiryango mpuza mahanga kandi bisa nkaho ari ntaco aka karengane kababwiye.
Umwe mu baturage ba Mugeti yagize ati:
Umuturage niyirwana ho, arafatwa nk’umwanzi mugihe leta yo ishimishwa no gufasha inyeshamba, reka akarusho ni ugukorana n’imitwe y’inyeshamba ikomoka mu bihugu bituranye na Congo.
Ubu andi makuru atugeze ho avuga yuko umubare w’abantu bari bafashwe bari 25 ariko muri bo, abantu 19 baje kurekurwa ariko abandi 6 bakaba bajanwe gufungirwa mu Bijombo aho izi ngabo za leta FARDC zikorera.