
BURKINA FASO: Guhagarika imodoka za gisirikare z’Ubufaransa bzaje mu gihe uburakari bwiyongereye ku banya gihugu ca Burkina Faso kubera ko bivugwa yuko izi ngabo ndetse zidashobora gukumira ihohoterwa rikabije riri muri iki gihugu nkuko bitangazwa na bamwe mu baturage.
Nkuko tubikesha abaturage bo muri Burkina Faso, bivugwa yuko izi modoka zari zimaze guhura n’imyigaragambzo mu mihana ibiri ikikije inzira yerekeza i Ouagadougou, mu murwa mukuru wa Burkina Faso. Ngo zahise zisubira mu nkambi iri mu majaruguru y’umurwa mu kuru w’iki gihugu.
Nkuko bzatangajwe n’umuvugizi w’ingabo z’Ubufaransa, Colonel Pascal Lanni, yatangarije abanditsi n’abanyamukuru yuko Imodoka z’Abafaransa ziri muri Niger.
Yakomeje avuga yuko ejo hashize, Nakane ku minsi 25/11/2021 imodoka zimwe zari zashizwe mu duce twa gisirikare ahagana ku birometero 30 mu majaruguru y’i Ouagadougou, mu gihe hagitegerejwe ko hazavamo ibiganiro hagati ya leta n’abategura imyigaragambzo yo kureka amakamyo yari atwaye aba basirikare kugira ngo jinjire mu gihugu.
Tubibutse yuko zi modoka zari zerekeye ahitwa Gao, mu karere ka Sahel ahavugwa intambara hagati ya leta n’imitwe yitwaje imbunda yatangiriye mu majaruguru ya Mali mu myaka icumi ishize.